Imana yawe Rurema Allah Yabwirije ko Yosengwa, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo nkomoko y'impuhwe ku biremwa. Bantu! Ishatse rero Yobahonya Ikabasubiriza ibindi biremwa Ishaka bigaheza bikayumvira; nka kurya Yabaremye mugaheza mukarondoka mukomotse ku bandi bantu.