Bazobwirwa bati: “Emwe bagarariji mu majini no mu bantu! Ntimwashikiriwe n’Intumwa zarungitswe muri mwebwe abantu1, zikabiganira Aayah zanje zibatomorera amabwirizwa yanje, zikanabagabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryanyu?”. Abagarariji bazoca bishura bati: “Ego cane! Turavyemanga ko Intumwa zawe zadushikirije Aayah zawe, zikanatugabisha ku bihano vy’umusi w’izuka ryacu, maze turazihakana twivuye inyuma”. Bahenzwe rero n’ubuzima bw’ibihendamaso vyo kw’isi, bazoheza kandi rero bemange ubwabo ko bari abagarariji, batemera Imana Allah n’Intumwa zayo.