Bislamu! Ntimugatuke ibigirwamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ku kwanka ko na bo bohava batuka Imana Allah ku kutamenya icubahiro cayo. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabaryohereje gukora ibibi ku kubahana kuko ari vyo bihitiyemwo ubwabo - Turyohereza umugwi wose w’abantu ibikorwa wihitiyemwo, hanyuma bazosubizwa ku Mana yabo Rurema Allah, Iheze Ibamenyeshe ido n’ido y’ivyo bahora bakora kw’isi, Inabibahembere.