Imana Allah, ntiyigeze Ishira mu gikiriza c’umugabo n’umwe imishaha ibiri, kandi ntiyigeze Igira n’abakenyezi banyu muziririza mu ndahiro1, kuba ba nyoko basanzwe bazira kuri mwebwe kubabira, ntiyigeze Inagira abana mureze, kuba abana banyu bwite2. Iryo ziririzwa ry’abakenyezi n’iry’ukwiyomekera abana mureze, ni iryo mwishingira bivuye mu kanwa kanyu gusa, nta ngingo n’imwe y’Imana Allah rishingiyeko. Burya, Imana Allah Ivuga ukuri, Ikanarongora mu nzira igororotse.