Muvugishwamana! Kuva ubu rero, nturekuriwe kwabira abagore mu nyuma y’abakenyezi bawe ufise, ntunarekuriwe no kwahukana na bo ngo uheze wabire abandi mu kibanza c’abo1, n’aho woshimishwa n’ubwiza bw’abo ushaka kwabira, kiretse mu gihe boba ari mu bo ugaba ukaganza mu ncoreke. Burya Imana Allah, Yamye ari Mureretsi w’ivyo mugira.