Twebwe Allah, ntitwaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, atari ukugira vy’ukuri abantu bamenye ubushobozi n'ububasha vy’Iyabiremye, baheze bayiyegereze muri vyose banayisenge ari Imana Imwe Rudende; bamenye n’uko Ishoboye kubazura inyuma yo gupfa; no kugira bagendere ukuri n’ubutungane hagati yabo; no kugira rero babeho ubuzima bwabo gushika isango nyezina ryo gupfa ry’umwe wese rishike, ace apfa. Nayo abahakanye ko Allah ari Yo Mana y’ukuri, barirengagiza ibihano Qor’ani ibagabishako, ntibikebuke;