Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Si jewe mbaye uwa mbere mu Ntumwa zarungitswe n’Imana Allah ku biremwa; kandi kuri iyi si, sinzi n’ico Imana Allah Izonkorera yaba jewe canke mwebwe, sinkurikira mu vyo ndababwiriza no mu vyo nkora, kiretse ku vyo mpishurirwa na Yo; kandi jewe nta co ndi, kiretse ko ndi Umugabisha ku bihano vyayo, atomora amabwirizwa yayo”.