Bakorayishi! Ni ukuri Bene Aadi, Twari Twarabahaye ibibatsimbataza kw’isi ku rugero rusumba kure n’iyo ivyo Twabahaye bibatsimbataje kw’isi; Twabagiriye n’amatwi, amaso n’imishaha kugira babikoreshe mu kwumva no mu kubona ukuri, baheze batahure bagukurikire; ariko nya matwi, amaso hamwe n’imishaha nta na kimwe vyabamariye, kuko bahora bahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, maze bugarizwa n’ibihano bibabaza, bahora bateburako.