Aho baboneye rero igicu ciyegeranije mu kirere cerekera mu kabande kabo, kikaba carimwo ibihano biturutse hejuru basezeraniwe, bavuze bati: “Iki gicu gihava kiduha akavura maze duhembuke”. Huudi yababwiye ati: “Haba namba! Si igicu c’imvura nk’uko muvyibaza, ahubwo nyabuna, ni vya bihano mwihutira kwisabira, ni igicu kizananye n’igihuhusi kirimwo ibihano bikaze”.