Hari n’uwabwiye abavyeyi biwe igihe bamurarikira ukwemera Imana Allah n’ukwemera izurwa ry’ibiremwa, maze arimyoza avuga ati: “Nimumveko! Mbega munsezeranira ko nzozuka nkava mu kuzimu nkomeye, kandi hari imigwi n’iyindi y’abantu bo hambere yanje bapfuye, ata n’umwe muri bo gushika n’ubu arazuka!”. Nya bavyeyi ntibacitse intege, bashishikaye bamusabira ku Mana Allah ko Yomurongora, maze bamubwira bamwinginga bati: “Nyakugorwa! Enda nyabuna rero, niwemere Imana Allah, mu vy’ukuri isezerano ryayo ryo kuzura abapfuye, ni iry’ukuri”. Araheza rero, abishura n’akagagazo n’akantu ati: “Ivyo muvuga, si ikindi kiretse ko ari imigani n’ibitito vy’ab’aho hambere”.