Umwami yahavuye arengutsa nya bagore, ababaza ati: “Mwashaka gushika kuki, igihe mwipfuza Yusufu, hari ingeso mbi mwari mumuziko?”. Ba bagore bishuye bati: “Ihibambewe! Nta ngeso mbi twigeze tumumenyako”. Ni ho rero wa mugore w’umushikirangoma yatura ati: “Ubu ukuri kwamaze kugaragara nta co ncera, ni jewe namwipfuje ndanamwinginga aranyankira pe! Kandi ni ukuri Yusufu, ivyo yavuze vyose ari mu mvugakuri;