Ababangikanyamana bavuze ko Imana Allah Yiyitiriye umwana1. Banguha! Imana Allah nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya, ni Yo Uwikenuye Yikwije muri vyose, ni Yo Nkomoko y'impuhwe ku biremwa, Rugaba Igaba Ikaganza ibiri mu majuru n’isi n’ibiri hagati yavyo, eka nta n’icemezo mufise ku vyo murementaniriza Imana Allah. Mbega yemwe, karashize ingani muvuge n’ivyo mutazi ku vyerekeye Imana Allah!