Bantu nimwumve mwumvireho! Mu vy’ukuri, ibiremwa vyose 1 biri mu majuru no mw’isi, ni ivy’Imana Allah. Mbega abasenga ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, bisunga ukuhe kuri! Nta co bakurikira kiretse ivyo bakekeranya ko ari ukuri, nta n’ico bazi kiretse irementanya ry'ibangikanyamana;