Ababangikanyamana basenga mu gishingo c’Imana Allah, ibigirwamana ata na kimwe bibamariye mu gihe babisenze, eka ata n’ico bibiciye mu gihe boreka kubisenga1, bakanavuga bigovyora ngo ibi bigirwamana, tubisenga kugira gusa bituvugire ku Mana Allah! Ntumwa y'Imana! Babwire uti: “Mbega none mubwira Imana Allah ko bibavugira kuri Yo, kandi Yoyo Itazi ko iryo vugira ribaho mu majuru no mw’isi! 2”. Imana Allah Nininahazwe, Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.