Ababangikanyamana iyo basomewe Aayah zacu Twebwe Allah zitomoye, abatizeye ko bazozuka bagahura na Twe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, kugira bahemberwe ivyo bakoze, baca binamura bakavuga bati: “Enda nyabuna, zana iyindi Qor’ani atari iyi canke uhindure ingingo zirimwo1”. Ntumwa y’Imana! Bishure uti: “Sindekuriwe kugira na kimwe mpinduye muri Qor’ani, nshira mu ngiro nkubahiriza ivyo mpishuriwe n’Imana Allah; jewe mu vy’ukuri, ndatinya mu gihe noca kubiri n’amabwirizwa y’Imana yanje Rurema Allah, ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.