Mbega arementaniriza nkana Imana Allah canke yarakehewe n’ubwenge!1”. Haba namba! Si nk’ukwo rero abagarariji bavyibaza, ahubwo Muhamadi ni Intumwa akaba n’Imvugakuri koko. Ahubwo abatemera izurwa ry’ibiremwa mu buzima bw’inyuma yo gupfa ngo babwitegurire, bazoja mu bihano vyamaho; bari no mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri.