Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abahakana bivuye inyuma isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, bagahakana n’ubwislamu, uti: “Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, Iragaragaza ukuri maze ikinyoma kigatekuruka, ni Yo rero Izi neza ibinyegejwe ibiremwa, nta kiyinyegeje mw’ijuru no mw’isi”.