Abantu bo hambere y’abagarariji b’i Makka, barahakanye bivuye inyuma Intumwa zacu, ntitwanahaye abagarariji b’i Makka n’ica cumi c’ivyo Twahaye abo hambere y’abo; mu nguvu n’inkomezi, mu bwinshi bw’amatungo no kuramba, n’ibindi; baraheza rero barahakana bivuye inyuma Intumwa zanje Jewe Allah, Nca Ndabahonya. Mbega none ukubihaniza kwanje Jewe Allah kutangarariza, kwabashikanye kuki atari ibihano!