Nayo abakoresha urwenge mu kubeshuza Aayah zacu za Qor’ani ngo bazirwanye, bagahakana n’Intumwa zacu bivuye inyuma, bakaburagiza n’abantu kwinjira mw’idini, bibwira ko bazotunanira Twebwe Allah; abo, ni bo bantu rero bazoshirwa mu bihano vy’umuriro wa Jahannamu, bazoba bacungerewe n’abamalayika bajejwe kuwucungera “Al-Zabaaniya”.