Ntitwigeze Dutuma Intumwa irarikira abantu bo mu gacimbiri kanaka kwemera Imana Imwe Rudende Allah, ikanabagabisha ku bihano vyayo, kiretse ko abatewe iteka bagatwarwa n’ivy’isi, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri ga mwa Ntumwa mwe! Twebwe turagararije ivyo mwarungikanywe”;