Ntumwa y’Imana! Ntitwanakurungitse kiretse ku bantu bose, kugira ubashikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazoronka Ubwami bw’ijuru; ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’Imana Allah, ariko rero abenshi mu bantu, ntibazi ivyiza biri mw’irungikwa ryawe kuri bose.