Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Ni nde Abaronsa ibibabeshaho biturutse ku mvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere; n’ibiva mw’isi mu bimera hamwe n’ubutare, n’ibindi n’ibindi!”. Bazoheza bishure ata gukekereza ko ari Imana Allah. Nibatishura kubera ubugugu bwabo, urababwira uti: “Ni Imana Allah Ibaronsa ibibabeshaho; kandi mu vy’ukuri, hagati yacu, harimwo umugwi uri mu burongozi canke uri mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri”.