Iryo hubishwa n’irongorwa ku co umugwi wose wahisemwo, riterwa n’uko abagararije bakurikiye shetani maze barayumvira; n’uko abemeye bakurikiye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) maze bagendera n’ukuri kwavuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Imana Allah Icira abantu agace gashingiye ku co umugwi wose muri bo wahisemwo, gutyo ibisa bikajana.