Ntumwa y’Imana! Abo Tukwiganiye rero inkuru zabo, ni bo Imana Allah Yahaye inema zayo, maze Ibagira Abavugishwamana mu ruvyaro rwa Adamu; nka Idrisa (nyakugira amahoro y'Imana Allah), mu ruvyaro rukomoka ku bo Twarokoye Tukabatwara mu bwato hamwe na Nuhu1 (nyakugira amahoro y’Imana Allah), mu ruvyaro rwa Ibrahimu2 no mu ruvyaro rwa Yakubu3 (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah), no mu bo Twarongoye mu nzira yo kwemera Tukabatora kuba Intumwa n’Abavugishwamana. Iyo rero basomewe Aayah za Nyenimpuhwe Allah, bashoka bubama ku ruhanga hasi mu kwubaha Imana Allah, bakorora n’amosozi ku kuyitinya4.