Mu vy’ukuri, ubumenyi bw’isango umuhero w’isi uzoshikirako, ni ubw’Imana Allah Yonyene, ni Yo Inatuma imvura igwa igahembura ibiremwa, Irazi n’ikiremwa kikiri mu gitereko, nta kiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi ikizokibeshaho ejo, nta n’ikiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi isango n’ahantu kizopfira, ivyo vyose bikaba biri gusa mu bumenyi bwayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Muhetuziwavyose.