Iyo ababangikanyamana bari ku rugendo mu bwato, bakugarizwa n’imikuba ingana umusozi ivuye hirya no hino, igipfungu na co hejuru yabo ari nk’ibicu, maze bagatinya gutwarwa, muri ico gihe baca bambaza Imana Imwe Rudende Allah, beza n’idini ryayo ngo Ibarokore. Imana Allah Iramutse Ibumviye, Ikabakura muri nya kaga, bagashika imusozi amahoro, ubona muri bo harimwo uwutagira ishaka ryo gushimira koko Imana Allah, hakabamwo rero n’uwihakana inema zayo akagarariza. Burya, nta wugarariza mu guhakana yivuye inyuma ivyemezo vy’ubushobozi bwacu Twebwe Allah, kiretse umuhemu atigera yubahiriza isezerano, umugarariji ruhebwa mu kwihakana inema zacu.