Ni ukuri, iyo ibiti vyose biri kw’isi bihinduka ikaramu, amazi y’amabahari yose hiyongeyeko n’ayandi mabahari indwi, yose agacika irangi, maze bikandika amajambo y’Imana Allah yerekeye ubumenyi n’ingingo vyayo, ivyo Ihishurira abamalayika n’Intumwa zayo; nya karamu zovungaguritse, na nya mazi y’amabahari yose yokamye imbere yuko amajambo y’Imana Allah ahera kwandikwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora1.