Twebwe Allah, Twabwirije umuntu kwubaha no kwubahiriza abavyeyi biwe. Akwiye kwibuka ko nyina yasamye imbanyi yiwe mu muruho ku wundi, araheza atwara nya mbanyi, aramuvyara, aramwonsa gushika amucukije kw’ibere mu kiringo c’imyaka ibiri; amaze gukura, Tumubwiriza Duti: “Shimira rero Imana Allah, uheze ushimire n’abavyeyi bawe, iherezo ryanyu mwese ni iwanje Jewe Allah, kugira mpembere umwe wese muri mwebwe ico yakoze;