Nitwatenyenya kw'ihanwa ry’ababangikanyamana gushika kw’isango rizwi, bazovuga batebura bati: “None, ni igiki gituma tudahanirwa ihakana ryacu nimba ivyo bihano biriho koko!”. Bantu nimwumve mwumvireho! Umusi bashikiwe n’ivyo bihano, nta n’umwe azobihagarika canke ngo abibakureko; nya bihano bahora bateburako imbere yuko bishika, bizobugariza ku mpande zose.