Ni Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri hagati yavyo mu misi itandatu. Imbere y’aho, Ubuhangamo bwayo bukaba bwari hejuru y’amazi. Ivyo rero, Imana Allah Yabigize kugira Ibagerageze, haheze hamenyekane uwukora ivyiza1 ku bwayo kurusha abandi. Ntumwa y’Imana! Niwabwira abantu bawe warungitsweko uti: “Mu vy’ukuri, mwebwe muzozurwa musubizwe ubuzima inyuma yo gupfa”, ni ukuri abagarariji bazokwihutira guhakana bivuye inyuma, bavuge bati: “Iyi Qor’ani, si ikindi kiretse ko ari uburozi bweruye!”.