Ni ukuri, intumwa zacu Twebwe Allah z’abamalayika, zaraje kwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), zimuzaniye inkuru nziza yuko umukenyezi wiwe Sarah azokwibaruka umwana w’umuhungu yitwa Is-haka, azoheza akamuvyarira umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Izo ntumwa zigishika, zaramuramukije ziti: “Nimugire amahoro”. Na we arazishura ati: “Nimusangwe amahoro”. Ibrahimu ntiyatevye, aca azizimana inyama yokeje y’inyana y’inka inuze.