Nimwagenza umugongo mukirengagiza ivyo ndabararikira, ni ukuri ahanje naramaze kubashikiriza ubutumwa narungikanwe n’Imana Allah. Nimutemera rero mugasenga Imana Imwe Rudende Allah, Imana yanje Rurema Allah Izobahonya, Iheze Ibasubirize abandi bantu bayigamburukira, eka nta n’ico muzoyitwara. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.