Ntumwa y’Imana! Izo rero, ni zimwe mu nkuru zo muri kahise Tuguhishurira. Yaba wewe kibure abantu bawe, nta wigeze azimenya imbere yuko Tuzikubwira. Kubera ivyo rero, ihanganire ihakana n’ibangamira ry’abantu bawe; nk’uko n’Intumwa zo hambere yawe zihanganye. Mu vy’ukuri, iherezo ryiza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni iry’abagamburukiramana.