Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ewe Nuhu! Umuhungwawe burya ntari mu muryango wawe Nagusezeraniye kuzorokora, kubera ko yaranzwe n’ibikorwa vy’igarariza ryiwe. Kubera ivyo rero, ndakwihanije kunsaba ivyo udafitiye ubumenyi, mu vy’ukuri Jewe Allah Ndaguhanura kugira ntube mu bantu b’inshirasoni batazi ivyo basaba”.