Ni ho Nuhu yatakambira Imana yiwe Rurema Allah, avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mu vy’ukuri, Wari Wansezeraniye ko Urokora umuryango wanje ntuhitanwe n’isegenya, umuhungwanje na we akaba ari mu muryango wanje, kandi mu vy’ukuri isezerano ryawe ni iry’ukuri, ni na Wewe Nyene kugira ubutungane bubereye ku biremwa gusumba abacamanza bose”.