Inyuma y’ihanishwa ry’isegenya, isi yategetswe n’Imana Allah, iti: “Wa si we! Kamya amazi yawe. Na we wa juru we! Tara imvura yawe ihite”. Ni ho amazi yabona kugabanuka, isi irumuka, gutyo itegeko ry’Imana Allah ryo guhana abantu ba Nuhu, riba rishizwe mu ngiro. Bwa bwato bushoka buhagarara ku nkengera z’umusozi Al-Juudiy, akayagwa karayagwa bati: “Haragahona abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah”.