Ntumwa y’Imana! Ntukagire amakenga rero ko amasengesho y’ababangikanyamana mu bantu warungitsweko, ari impfagusa; ntibasenga mu bigirwamana kiretse nk’ivyo ba se basenga aho hambere yabo, na Twe Allah mu vy’ukuri, Tuzobaha ibihano Twabasezeraniye ata kigabanijweko na kimwe.