Ntitwigeze Tubarenganya namba kuri iryo honya, ariko ni bo birenganije kw’ibangikanyamana ryabo no kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, imana zabo rero basenga mu gishingo c’Imana Allah, nta co zabamariye ngo zibatabare igihe isezerano ry’Imana yawe Rurema Allah ryo kubahonya ryagera, eka nta n’ico zabongerereje kiretse agahombo no guhanwa.