Nihashimagizwe Imana Allah, Rutanguzandemo Yaremye amajuru n’isi, Igira abamalayika intumwa Irungika ku bo Ishatse mu biremwa; muri nya bamalayika, harimwo abo Yahaye amababa abirabiri, atatatatu n’anane kugira bashobore kuguruka aho hose batumwe n’Imana Allah, Imana Allah Yongerereza inkomezi mu ndemo uwo Ishatse mu biremwa. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Mushoboravyose, ntakiyinanira.