Mbega abagarariji b’i Makka, ntibaragendagenda kw’isi ngo birabire ukuntu iherezo ry’abahakanyi b’aho hambere yabo ryagenze! Kandi bari n’abantu bafise n’inguvu kubarusha1, baragararije Imana Allah Ica Irabahonya. Imana Allah rero, nta na kimwe coyinanira ngo gicaruke aho coba kiri hose mu majuru canke mw’isi. Mu vy’ukuri Imana Allah, Yamye ari Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, Mushoboravyose, Irashoboye no kubihonya.