Mu vy’ukuri Imana Allah, Igumije amajuru n’isi kugira bigume aho biri bidahungabanye. Mu gihe rero vyohungabana bikava aho biri, nta n’umwe havuye Imana Allah yoshobora kubigumya akabigumiza aho bitegerezwa kuba; mu vy’ukuri, ni Yo Yamye ari Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana ibigaba, Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya.