Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakurungikanye idini ry’ukuri, kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana, ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru; wongere ugabishe n’abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Nta mugwi n’umwe w’abantu wabayeho rero, kiretse ko warungikiwe Umugabisha ku bihano vy’umuriro.