Emwe bantu! Iyo musavye ibigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ntivyumva igisabisho canyu. N’iyo vyobaye vyumva nya gisabisho, ntivyobaha ivyo musavye; mbere no ku musi w’izuka, bizokwamirira kure ibangikanyamana ryanyu. Ntumwa y’Imana! Nta wokubwira inkuru y’ukuri yoza asumba Muhetuziwavyose Allah.