Hari amabahari abiri ahura atandukanye mu kanovera k’amazi yayo; aho usanga amazi y’iri bahari afise akanovera, atemba neza mu muhogo akamara n’inyota; ugasanga amazi y’irindi bahari bihura ari amazi y’icunyunyu; hamwe n’iryo tandukaniro ry’akanovera k’amazi yayo, mw’ibahari rimwe ryose muri yo, muraroba mugafungura ifi zoroshe ziryoshe, mukanacukura ubutare butandukanye muhinguramwo ibisharizo mwambara mukaberwa; uzobona n’ubwato amahanga bugendera mu mazi mu ruja n’uruza rw’urudandazwa, kugira murondere icobabeshaho mu mpano z’Imana Allah, ivyo vyose rero bikerekana ubushobozi bwayo kugira muyishimire ari Imwe Rudende.