Harakubahwa Nyenimigisha-ntangere ku biremwa, Nyenubwami Agaba Akaganza amajuru indwi n’isi indwi hamwe n’ibiri hagati yavyo vyose, ni Yo Izi isango nyezina ry’igihe umuhero w’isi uzoshikirako, ni no kuri Yo rero muzosubizwa mumaze gupfa, kugira muharurirwe muheze muhemberwe ivyo mwakoze.