Ni ho rero Firawuni yakanagara asemerera izuba riva, akikijwe n’abubahwa, n’ubwishime n’akantu ati: “Bantu banje! Ubwami bwa Misiri, si ubw’iwanje! Ntimurabona ko imigende y’uruzi rwa Nili itemba ica musi y’igorofa y’ikirimba igaca n’imbere yaco mu mirima yanje! Aho ga ntuze, ntimurabona ko inguvu z’ubwami bwanje ata ho zoza zigereranywa n’iza Musa, ari magoyagi ata nguvu agira, n’ubukene buri mu kumwica!