Nta cemezo rero Twereka Firawuni n’abunganizi biwe, kiretse ko caba gihambaye kandi kigaragaza ukuri kuruta ico beretswe imbere yaco. Twaranabahaye ibihano bitandukanye, kugira bavavanure n’ubugarariji, baheze bagaruke ku Mana Allah, maze bayisenge ari Imwe Rudende.