Ntumwa y’Imana! Urabaza n’abakurikiye Intumwa zacu Twarungitse hambere yawe, ko Twoba Twarigeze na rimwe kubabwiriza gusenga izindi mana mu gishingo ca Nyenimpuhwe! Bazoheza bakwishure ko bitigeze biba na rimwe, kuko Intumwa zose zararikira isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah Itabangikanywa.