Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni ukuri, ni iteka n’icubahiro kuri wewe n’Abakorayishi, kuko yamanuwe mu rurimi rwabo rw’icarabu kugira bayitahure kuruta, baheze babe aba mbere bayemera maze bayigendere. Kubera ivyo rero, bitebe bitebuke, muzobazwa wewe hamwe n’abo warungitsweko ukuntu mwashimye mukongera mukagendera iyo Qor’ani!