Ntumwa y’Imana! Mbega none ababangikanyamana, ni bo bagabura impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, bagaha ubuvugishwamana uwo bashatse! Twebwe Allah, Twarabagaburiye ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi, Turaheza Tuduza bamwe mu cubahiro gusumba abandi; gutyo haba umutunzi n’umukene, uwufise imirya n’uwufise intege nke; kugira ngo babe magiriranire, bakenerane muri nya buzima1. Burya, impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah zo kwinjiza abantu mu Bwami bw’ijuru, ni zo nziza gusumba ivyo bahurumbira kwegeranya mu bihendamaso vy’isi.